Uko wahagera

Igitero c'Indege Coba Cishe Abarenga 100 i Mosul


Umunyagihugu wa Iraki ariko ararira avuga ko abantu 23 bo mu muryango wiwe bishwe n'intambara hagati ya reta na ISIS muri Mosul.
Umunyagihugu wa Iraki ariko ararira avuga ko abantu 23 bo mu muryango wiwe bishwe n'intambara hagati ya reta na ISIS muri Mosul.

Abategetsi mugisirikare c’Amerika baremeza ko igitero c’indege cakozwe n’inteko mvamakungu mugisagara ca Mosul muri Iraki cahitanye abantu barenga 100.

Ayo makuru yatangajwe kur’uyu wa gatandatu avuga ko bariko barakurikirana ivy’ico gitero, cari gitumbereye abarwanyi b’umuhari wa reta ya Kiyisilamu n’ibikoresho vyabo mugace havugwa ko hapfuye abasivile batari bake.

Ivyabaye mur’iryo sanganya ryo kw’italiki ya 17 z’ukwezi kwa gatatu mu gace ka al-Jadida muri Mosul biracarimwo umwijima.

Bamwe mu banyagihugu baho bavuga ko iyo ndege yateye ikamyo yarimwo ibisasu ica nayo isambura amazu yari hafi yarimwo imiryango itari mike.

Umukuru w’igisagara ca Mosul, Abdul Sattar al-Habbo, ari nawe arongoye ibikorwa vyo gutabara, yatangaje ko ibiziga 240 vyakuwe mubibomoke vy’amazu.

Iryo tangazo ry’abategetsi ba gisirikare muri Amerika rije inyuma y’aho reta ya Iraki itangarije k’umusi wa gatandatu ko ishobora kuba irahagaritse ivy’agateganyo urugamba rwo kwigarurira Mosul.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG