Uko wahagera

Somaliya Gisaba Imfashanyo y'Akarere


Ikambi y'impunzi y'Abanyesomaliya i Dadaab, hafi y'urubibe rwa Kenya na Somalia
Ikambi y'impunzi y'Abanyesomaliya i Dadaab, hafi y'urubibe rwa Kenya na Somalia

Umukuru w’igihugu ca Somaliya, Mohamed Abdullahi Mohamed asaba abakuru b’igihugu vyo muri Afrika y’ubuseruko bihurikiye mw’ishirahamwe rijejwe iterambere, IGAD gufasha igihugu ciwe kurondera umuti urama ku kibazo c’impunzi no gufasha abatahuka mu gihugu.

Amakuru atangwa n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU avuga ko imiliyoni zirenga zibiri z’abanyesomaliya bakuwe muzabo bivanye n’intambara hagati y’abenegihugu ubu ikwije imyaka 26.

Igisata ca ONU cita kubana, UNICEF kivuga ko amakungu akwiye gutanga ayandi mafaranga kugira Somaliya kive mu mapfa.

Uruzuba n’ubugararwa mur’ico gihugu catabaguwe n’intambara bishobora guhitana abantu bashika imiliyoni zibiri.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG