Uko wahagera

RDC: Abapolisi Barenga 40 Baciwe Imitwe i Kasai


Abapolisi barikumwe n'abanyagihugu mw'ishamba rya Ndenga Mongo, intara ya Kasaï, RDC, italiki 4 ukwezi kwa munani 2007.
Abapolisi barikumwe n'abanyagihugu mw'ishamba rya Ndenga Mongo, intara ya Kasaï, RDC, italiki 4 ukwezi kwa munani 2007.

Umuhari w’abarwanyi bitwaje ibirwanisho muri Republika iharanira demokarasi ya Kongo waraciye imitwe abapolisi ba reta 42 inyuma y’aho babategeye umutego hafi y’igisagara ca Kananga, mumaja hagati y’igihugu.

Ivyo vyatangajwe kur’uyu wa gatandatu na Francois Kalamba, umuvugizi w’inama nshingamateka mu ntara ya Kasai.

Yatangaje ko umurwi witwaje ibirwanisho witwa Kamuina Nsapu wateze umutego abapolisi bariko bava I Kananga berekeza I Tshikapa.

Kalamba avuga kandi ko batandatu mur’abo bapolisi barusimvye inyuma yaho abo barwanyi basanze bashobora kuvuga ururimi rw’igi Tshiluba rusanzwe ruvugwa mur’iyo ntara.

Ico gitero kibaye igihitanye abatari bake hagati y’abajejwe umutekano n’uwo muhari w’abarwanyi kuva muci riheze. Ico gihe abajejwe umutekano bishe umukuru w’uwo muhari, bikaba vyavyuye uruhagarara rwakwiragiye mu ntara zishika zitanu zo muri Kongo.

ONU ivuga ko abantu barenga 400 bamaze kwicwa mur’ico gice co mu ntara zo hagati muri Kongo. Benshi muri bo bahambwe mu binogo rusangi, nkuko vyashikirijwe na ONU mundwi iheze inyuma yaho itoreye ibinogo 10 vyahambwemwo abantu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG