Uko wahagera

Abashika 25 Bamaze Kwicwa n'Inzara muri Somaliland


.
.

Abantu bashika 25 baramaze gupfa bishwe n’inzara mu ntara ya Sanag yo muri Somaliland m’uburaruko bwa Somaliya, ivyo vyashikirijwe na buramatari w’iyo ntara kur’uyu wa gatatu. Yashikirije kandi ko 80 kw’ijana vy’ibitungwa vyapfuye ubu bariko barwana n’ingene borokora ubuzima bw’abantu bageramiwe n’inzara.

Amakuru atangwa na ONU avuga ko abana barenga ibihumbi 50 bashobora gupfa kubw’uruzuba. Buramatari ashikiriza ko abantu barenga ibihumbi 15 bahunze intara zo mugihugu hagati ubu bari mu makambi y’abateshejwe izabo I Erigavo, k’umurwa mukuru w’intara ya Sanag muri Somaliland.

Aya makuru y’abishwe n’inzara mu ntara ya Sanag aje akurikira ayandi yashikirijwe n’iradiyo ya reta I Mogadishu ko abantu bashika 26 bishwe n’inzara mu ntara ya Jubaland iri m’ubumanuko bwa Somaliya.

Umushikiranganji wa mbere wa Somaliya Hassan Ali Khaire k’umusi wa mbere yaragenye umushikiranganji mushasha ajejwe guhangana n’ibiza, yavuze ko azohangana n’urwo ruzuba rumaze gutuma abarenga imiliyoni zitandatu.

Iyi nkuru tuyikesha Serevise y'Igisomali kw'Ijwi ry'Amerika

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG