Uko wahagera

Abatuye Buhayira Muri Cibitoke Barasaba Komine


Abanyabuhayira barasaba ibarabara kugira boroherwe mu gushora umwimbu bavuga ko ari mwinshi.
Abanyabuhayira barasaba ibarabara kugira boroherwe mu gushora umwimbu bavuga ko ari mwinshi.

Abanyagihugu bo muri zone Buhayira ya komine Murwi mu ntara ya Cibitoke basaba kuronswa ikomine.

Abo banyagihugu bavuga ko batoroherwa gushika ku biro vya komine Murwi, ivyemezwa na Buramatari w’intara ya Cibitoke.

Zone Buhayira iri mu buseruko bushira ubumanuko bwa komine Murwi. Kuvayo no gushikayo ntivyoroshe, haba ku ngenzi canke ku banyagihugu baba mur’iyo zone.

Bavuga ko kugira bashike i Murwi bagenda ibirometero birenga 40 kandi barinda guca mu yindi komine ariyo Buganda. Bavuga ko n’itike ryo kwiyunguruza ari umurengera.

Jean Claude Njejimana wo ku mutumba Muzenga ari mu bipfuza ko boronswa ikomine ngaho i Buhayira. Afatira ku kungene iyo har’ico bakenye muri komine bibagora gushikayo.

Ababa muri zone Buhayira bavuga ko kubona ibiro vya komine bakukira biri kure bituma bacererwa kuja kwandikisha abana bavutse canke abitavye Imana.

Ikindi abanyabuhayira bavuga ko kitaborohereza mu buzima bwabo bwa misi yose, n’ibarabara rishika muri zone Buhayira ritari nyabagendwa. Basaba ko ryokorwa kugira boroherwe haba mu gushora umwimbu bavuga ko ari mwinshi.

Buramatari w’intara ya Cibitoke Joseph Iteriteka yemeza ko mu myaka iheze ico gisabo cashikirijwe n’umukuru w’igihugu igihe yari yagendeye komine Murwi.

Naho bir’uko Iteriteka avuga ko abanyagihugu bo muri zone Buhayira abajejwe intwaro muri komine Murwi batabahevye. Avuga ko rimwe rimwe abajejwe ibisata bitandukanye bishikira I Buhayira kubatunganiriza.

Uwo mutegetsi w’intara ya Cibitoke atahura ibisabwa n’abanyabuhayira ko zone yabo yoba komine. Avuga ko ico kibazo atariwe yogitorera inyishu, ubu kiri mu minwe y’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG