Uko wahagera

Abantu 4 Barishwe na Boko Haram muri Nijeriya


Umukuru w’igipolisi mu ntara ya Borno muri Nijeriya yatangaje kur’uyu wa gatatu ko abantu 4 bishwe abandi 18 barakomereka inyuma y’ibitero vyabaye ku makambi y’abateshejwe izabo n’umuhari w’iterabwoba Boko Haram.

Ivyo bitero vyaje bikurikira ibindi vyabaye mundwi iheze. Amasanamu ya videwo yagaragaye k’umusi wa gatanu, yerekanye umugabo yemanga ko ar’umukuru wa Boko Haram yemeza ko aribo bagavye ivyo bitero vyo mu ndwi iheze.

Umukuru w’igipolisi Damian Chukwu yavuze ko ivyo bitero vyabaye igihe c’isaha cumi n’igice z’agatondo mu masaha yo muri Nijeriya. Igisagara ca Maiduguri kimaze imyaka umunani giterwa n’abarwanyi ba Boko Haram bipfuza gushinga reta ishingiye kw’idini rya kiyisilamu mu buraruko bwa Nijeriya.

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ritangaza ko abantu barenga imiliyoni zibiri bamaze guta ingo zabo kubw’ivyo bitero vya Boko Haram

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG