Uko wahagera

France: Umushikiranganji w'Intwaro yo Hagati Yatanze Imihoho


Bruno Le Roux, yatanze imihoho, yar'Umushikiranganji w'intwaro yo hagati mu gihugu c'Ubufaransa.
Bruno Le Roux, yatanze imihoho, yar'Umushikiranganji w'intwaro yo hagati mu gihugu c'Ubufaransa.

M’Ubufaransa, Umushikiranganji w’intwaro yo hagati, Bruno Le Roux, yatanze imihoho kur’uyu wa kabiri, bivuye ku birego bivuga ko yahaye ubuzi abakobwa biwe mu bibanza bitari bike mu nama nshingamateka, bakaba batashoboye no kurangura iyo mirimo. Ibiro vy’Umukuru w’Igihugu vyaciye vyihutira kumusubiriza n’uwitwa Matthias Felk.

Abo bigeme boba batanguye kuronswa amasezerano ya mbere y’akazi bakiri mu mashure yisumbuye. Bakaba barabandanije kumukorera n’igihe bari muri Kaminuza. Yamara bivugwa ko batakoze akazi bariko barahemberwa. Le Roux aremeza ko yabahaye akazi mu ntumbero yo gufasha mu nama nshingamateka, kandi ko baba bari mu gihe c’uburuhuko. Yamara avuga ko ata kintu kitemewe n’amategeko yakoze. Ni mu gihe amategeko mu gihugu c’Ubufaransa avuga ko umushingamateka ashobora guha akazi abanywanyi bo m’umuryango wiwe, mu gihe bashoboye kurangura imirimo basabwa.

Ibiro vy’umucamanza ajejwe ikigega m’Ubufaransa vyatangaje ko biza vyatanguye amatohoza. Hari imbere y’uko Bruno Le Roux atanga imihoho. Mwomenya ko ibirego nk’ivyo kandi biri kur’umwe mu bakandida mu matora y’igihugu, Francois Fillon. Aho aregwa kuba yarahaye akazi umutambukanyi wiwe, akamuronsa impembo atakoze. Ivyatumye abatari bake mu banywanyi biwe bamuv’inyuma.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG