Uko wahagera

USA: Umukobwa wa Trump muri Perezidansi


Umukobwa mukuru wa perezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Ivanka Trump afise muri iki gihe ibiro mu gice c’ingoro ya perezida citwa West Wing. Azoba afise uburenganzira ku mabanga, naho atazoba ari umukozi wa reta.

Umwunganira mu mategeko yatangaje kw’ata mabanga n’igiti azoba afise bwite. Yamara kw’azokwirikiza amategeko agenga abakozi ba Reta, kandi kw’atazohembwa umushahara.

Ibiro vya perezida ntivyishuye ku vyasabwe kumenywa ku ruhara rwa Ivanka Trump. Yamara itangazo ryiwe ryamenyesheje kw’azobandanya guhanura se wiwe nkuko yabigenjeje mu buzima bwiwe bwose.

Ivanka Trump yarafashije se wiwe mu gikorwa ciwe c’ukwiyamamariza kuba perezida. Yarimuriye umuryango wiwe mu gisagara ca Washington.

Yerekanye imigambni yiwe y’ugukora ku bibazo bijanye n’ukwitaho abapfasoni mu kazi n’abana

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG