Uko wahagera

Burundi: Ikiziga ca Colonel Charles Ndihokubwayo Catowe mu Ngagara


Abantu batwaye umuntu yapfuye mu Nyakabiga mu mu kwezi kw'icumi na kabiri mu mwaka w'i 2015
Abantu batwaye umuntu yapfuye mu Nyakabiga mu mu kwezi kw'icumi na kabiri mu mwaka w'i 2015

Ico kiziga catowe mu bigo vya paroisse Saint Joseph iri muri karitiye ya gatatu, zone Ngagara, komine Ntahangwa mu buraruko bw’igisagara ca Bujumbura.

Nyakwigendera yitwa Charles Ndihokubwayo yahora arangurira imirimo mw’ishure ry’intwazangabo ry’igipolisi riri mu Mitakataka mu ntara ya Bubanza mu burengero bw’u Burundi.

Umuvugizi w’igipolisi Pierre Nkurikiye yemeza ko abakorana n’uwo mupolisi baheruka kumukubita ijisho ku muhingamo wo kuri uyu w’Imana.

Bihweje ico kiziga, abagira amatohoza bemeza ko ata kintu na kimwe cerekana icishe iyo ntwazangabo.

Abantu babiri nibo bamaze guhagarikwa ku mvo z’amatohoza.

Mu kurindira ayo makuru batanga igipolisi casavye ko haba ibipimo y’abaganga autopsie mu gifaransa.

Mw’ijoro ryo kuri uyu w’Imana kandi rishira uwa mbere, hari iyindi ntwazangabo yo mu gipolisi yahatswe kwihekura muri zone musaga ku murwa mukuru Bujumbura. Hafi nk’igihe c’isaha indwi z’ijoro. Yugaraniye abana biwe bane n’umukenyezi wiwe mu nzu aca ayihereza umuriro.

Abajejwe umutekano bahavuye baza kuzimya. Abana babiri barababaye cane ubu bariko baravugwa.

Igipolisi cemeza ko iyo ntwazangabo ishobora kuba ifise ingorane mu mutwe kuko ritari irya mbere iturira ibintu vyo mu nzu.

Imaze kuvugwa kubera yari yakomeretse iriko inigana n’abajejwe umutekano yahavuye ihagarikwa ijanwa kubarizwa mu gipolisi c’inyamiramabi.

Eloge Willy Kaneza, Bujumbura, Ijwi ry’Amerika:

please wait

No media source currently available

0:00 0:02:54 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG