Uko wahagera

Afrika y'epfo: Umwuzukuru wa Nelson Mandela Yahevye ANC


Umwuzukuru wa Nelson Mandela, Ndileka Mandela

Ndileka Mandela, umwuzukuru mukuru wa, Nelson Mandela yaranebaguye icese umugambwe uri ku butegetsi muri Afrika y’epfo, African National Congress ku marorerwa yawo y’urutavanako.

Nelson Mandela yayoboye umugambwe ANC kuva mu nmwaka w’i 1991 gushika mu mwaka w’i 1997. Yashikanye uwo mugambwe ku ntsinzi y’amatora y’umukuru w’igihugu mu mwaka w’i 1994 aho yabaye umuperezida wa mbere w’umwirabure inyuma y’irangira ry’intwaro kadyanishamiryango ya Apartheid muri Afurika y’epfo.

Yatangaje kw'adashobora gutora umugambwe ANC utacubahiriza ivyo sekuru na begenziwe barwaniye.

Ndileka Mandela, muri iki gihe afise imyaka 52, avuga kw’ingingo yiwe yakwirikiye amarorerwa y’umugambwe ANC harimwo abantu ijana bari bafise ibibazo vyo mu mutwe bapfuye mu mwaka uheze kubera batitaweho. Avuga kw’amarorerwa y’umugambwe ANC y’urutavanako n’abayakora batigera babibazwa bituma abanyagihugu bageramirwa bikomeye.

Ndileka Mandela avuga ko yamaze igihe yiyumvira ingingo yafashe. Amenyesha ko bitamworoheye gufata ingingo nkiyo.

Ivyatangajwe na Ndileka Mandela vyatumye muvyara wiwe, Mandla Mandela umushingamateka mu mugambwe ANC amusaba kudaheba umugambwe ANC.
Avugako ivyo badashima mu mugambwe ANC bategerezwa kubitorera.

Avuga ko guheba umugambwe ANC bidafasha abanyafrika y’epfo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG