Uko wahagera

FBI Biratohoza Ukwivanga kw'Uburusiya mu Matora


Perezida wa Amerika, Donald Trump

Perezida wa Amerika, Donald Trump

Umuyobozi w’ibiro bijejwe gukwirikirana inkozi z’ikibi, muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, James Comey yahinyuje ivyatangajwe na perezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump vyuko Barack Obama yahoze ayoboye Amerika yumvirije telephone ziwe mu ndwi z’imbere y’amatora ya perezida yabaye mu mwaka uheze.

James Comey yongeye aremeza kw’ibiro vyiwe biriko biratohoza nimba abari bajejwe gikorwa c’ukwiyamamza ca Trump bakoranye n’Uburusiya mu ntumbero y’ugufasha Trump gutsinda amatora ya perezida.

James Comey yaserutse imbere y’umurwi w’inama nshingamateka ujejwe ivyerekeye iperereza, hamwe n’umuyobozi w’ibiro bijejwe iperereza muri Amerika, Michael Rogers.

James Comey yabwiye abagize umurwi w’inama nshingamateka ujejwe ivyerekeye iperereza kw’ata makuru bafise ashigikiye ivyatangajwe na perezida Trurmp ku rubuga Twitter ko Obama yumvirije telefone ziwe ku cicaro c’inyubakwa yiwe, Trump Tower mu gisagara ca New York.

Naho ari uko, umuvugizi w’ibiro svya perezida, Sean Spicer, yatangaje mu nyuma yaho ko perezida Trump atazokwihindukiza ku vyagirizo vyuko perezida Obama yumvirije dtelefone ziwe.

Perezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump imbere yaho yanebaguye uno musi ku wa mbere ibivurwa kw’Abari bajejwe igikorwa ciwe c’ukwiyamamariza kuba perezida bakoranye n’Uburusiya kugira bamufashe gutsinda amatora. Yatangaje kw’ari icitwazo c’abademokarate kubera batsinzwe mu matora ya perezida.

Mu butumwa butari buke ku rubuga Twitter, perezida Trump yatangaje ko James Clapper yari ayoboye ibiro bijejwe iperereza mu gihugu ku ntwaro ya perezida Barack Obama n’abandi bavuze kw’ata vyemezo bihari vyuko yakoranye n’abategetsi b’Uburusiya kugira atsinze amatora y’umukuru w’igihugu yabaye mu kwezi kw’icumi na rimwe mu mwaka uheze.

Atangaza kw’ayo makuru ari ibinyoma kandi kw’abantu bose babizi kw’ari ibinyoma.

Donald Trump, amaze amezi abiri mu mabanga yiwe ya perezida, avuga kw’abademokarate barementanije amakuru yerekeye Uburusiya kugira baronke icitwazo c’ukuba batavyifashemwo neza mu gikorwa c’ukwiyamamariza amatora ya perezida.

Ivyatangajwe na perezida Trump vyabaye amasaha makeyi imbere yuko inama nshingamateka yumviriza abategetsi babiri bakomeye mu bijanye n’iperereza ku vyerekeye nimba Uburusiya bwarivanze mu matora y’umukuru w’igihugu mu mugambi w’ugufasha Donald Trump gutahira intsinzi muri ayo matora.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG