Uko wahagera

Burundi: 300 Bacumbikiwe mu Birasi Kubera Imyuzurira


Abanyagihugu bavuye mu zabo kubera imvura nyinshi muri Zone Buterre, komine Ntahangwa, mu gisagara ca Bujumbura
Abanyagihugu bavuye mu zabo kubera imvura nyinshi muri Zone Buterre, komine Ntahangwa, mu gisagara ca Bujumbura

Inyuma y’imvura nyinshi yaguye ku musi wa kane w’indwi iheze muri zone Buterere ya komine Ntahangwa mu gisagara ca Bujumbura, abanyagihugu bashika 300 babaye baracumbikirwa mw’ishure shingiro ryo “ ku bumwe” riri muri zone Buterere. Baba abanyagihugu canke abanyeshure, bamenyesha ko batorohewe kuko babisanya mu birasi vy’iryo shure.

Igihe ijwi rya Amerika ryashika kw’ishure nshingiro ryo « Ku bumwe » igihe c’isaha imwe n’iminota 15, ryasanze abanyagihugu bariko barasohora intekera zabo, abandi bakubura bongera basubiza intebe abanyeshure bicarako mu birasi. Abanyeshure baje gukora ibibazo, kuruhande rwabo basa nk’ abatamariwe, babazanya hagati yabo niba ibibazo vyari bitegekanijwe gukora bigitanzwe.

Uwuserukira abanyeshure bo kw’ishure shingiro ryo ku bumwe, Muhoza Idrissa yabwiye Ijwi ry’Amerika ko batashoboye kwitegurira neza ibibazo bagira bakore kubera abo bacumbikiwe mu birasi bahora babiteguriramwo.

Abarongoye ishure ryo « Ku bumwe » bavuga ko ibimaze kononekara ari vyinshi kuva abanyagihugu bagera ku 300 bahuye n’ingorane z’imyuzurira begeranirizwa mu birasi vyo muri iryo shure.

Mu misi itatu bahamaze, intebe 20 ziramaze kuvunika, ubuzu bwa sugumwe bukaba busa nk’ubwarengewe kubera igitigiri kinini c’ababukoresha. Abayobozi bo kw’ishure shingiro ryo ku bumwe basaba abajejwe isuku kugira ico bakoze mu maguru masha,abanyeshure batarafatwa n’ingwara zituruka kw’isuku rike.

Uwurongoye komite y’abavyeyi barereye kuri iryo shure Majambere Antoine asabako abo banyagihugu bojanwa mu bindi bibanza biri kure y’iryo shure kuneza y’abana babo.

Ariko kandi n’abanyagihugu bavuga ko babayeho ubuzima bubi kuri iryo shure. Batanga akarorero ko kubura ico baryamako hamwe nico bafungura. Eka mbere nuko kuguma babisanya n’abanyeshure mu birasi ntikuboroheye.

Uwurongoye zone Buterere Ernest Nduwimana avuga ko iki kibazo c’aba banyagihugu yagishikirije abamukurira mu nzego kandi ko gishobora gutorerwa inyishu mu misi ya vuba.

Twibutse igipolisi kijejwe gukinga impanuka kimenyesha ko abantu 9 aribo bamaze kumenyekana ko basize ubuzima muriyi myuzurira y’imvura,amazu atari make akabomoka n’imirima ikononekara kuva ku musi wa kane w’indwi iheze.

please wait

No media source currently available

0:00 0:04:39 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG