Uko wahagera

Maleziya Igiye Gufasha Somaliya Kugwanya Inzara


Imfashanyo y'ibifungurwa muri Somaliya
Imfashanyo y'ibifungurwa muri Somaliya

Igihugu ca Maleziya carungitse inteko zaco muri Somaliya, mu ntumbero yo kuja gufasha kugwanya ikiza c’inzara no kugarukira ku banyagihugu ibihumbi n’ibihumbi babangamiwe n’inzara. Ivyo vyatangajwe, kur’uyu wa gatandatu, n’abategetsi muri Reta ya Somaliya, hamwe n’abasezerukira Somaliya muri Maleziya.

Datuk Seri Hishammuddin, Umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi muri Maleziya, yatangaje ko igihugu ciwe kizorungika abasirikare bo m’urwego gwo hejuru batatu, baherekeje abaganga b’abasirikare bashika kuri cumi n'indwi. Hishamuddin amenyesha ko iyo mfashanyo izoba igizwe n’ibifungurwa hamwe n’ibikoresho vyo kwa muganga.

Yamara abategetsi ba Somaliya, bajejwe igikorwa co kugwanya uruzuba bamenyesha ko bafise amakenga ko iyo mfashanyo ishobora kwibwa, bakavuga kandi ko bafise ubwoba ko umuhari al-Shabab ushobora kubera intambamyi igikorwa co gushikana imfashanyo m’uturere tutari duke two m’ubumanuko no hagati ya Somaliya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG