Uko wahagera

Libiya: Jenerali Khalifa Haftar Yafashe Ibivuko 2 Bikomeye


Jenerali, Khalifa Haftar
Jenerali, Khalifa Haftar

Inteko ziyobowe na Jenerali Khalifa Haftar, yiyonkoye kuri Reta y’igihugu ca Libiya, zitangaza ko zasubiye kwigarurira ibibanza bibiri bikomeye vy’ibitoro mu buseruko bw’igihugu. Ivyo bibanza vyari vyafashwe n’abarwanyi b’Abayislamu mu ntango z’uku kwezi.

Libiya yiciyemwo imirwi ya politike n’imirwi y’abarwanyi itandukanye inyuma yuko Reta ya Moammar Gadhafi, yatwaye Libiya mu kiringo kirekire, akuwe ku butegetsi akicwa.

Amareta abiri ahiganwa n’imirwi itari mike y’abarwanyi muri iki gihe biriko birwanira kwigarurira igihugu ca Libiya gitunze ibitoro.

Umuvugizi wa Jenerali, Khalifa Haftar, yatangaje ku musi wa kabiri, kw’ibivuko vya Ras Lanuf na al-Sidra, vyari mu minwe y’abarwanyi b’Abayislamu vyafashwe, inyuma y’ibitero vyakoresheje indege z’ingwano, abasirikare barwanira ku butaka n’inteko zirwanira mu mazi vyamaze umusi wose.

Haftar n’inteko arongoye bashigikiye Reta ikorera mu gisagara ca Tobruk, kiri mu buseruko bw’igihugu, yanse gushikiriza ubutegetsi Reta y’ubumwe ishigikiwe n’ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U ikorera ku murwa mukuru, Tripoli.

Ivyo vyatumye Libiya itagira Reta y’ukuri mu kiringo c’imyaka igera kuri itandatu

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG