Uko wahagera

Somaliya: Ubwato Bwanyurujwe mw'Ibahari Indiyana


Abategetsi ba Somaliya batangaza ko abasuma mumazi bafashe ubwato bw’ibitoro mw’ibahari Indiyana babutegeka kuja ku nkengera z’intara ya Puntland.

Amakuru ijwi ry’Amerika ryashoboye kuronka nuko ubwo bwato bwariko ibendera ry’igihugu ca Emira Arabe Uni. Abategetsi bo mur’iyo ntara bavuze ko bakirondera kumenya uburyo ubwo bwato bwanyurujwemwo.

Ayandi makuru avuga ko abantu 8 aribo banyurujee ubwo bwato bwariko bugenda bwerekaza mugisagara ca Ras Asayr. Ivyo bibaye mugihe hari haheze imyaka itatu ubusuma nk’ubwo bw’amato bwaragabanutse.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG