Uko wahagera

Prezida Trump Yatumiye Prezida Abbas wa Palestina


Prezida DonaldTrump (i buryo), Prezida Mohamoud Abbas (i bubamfu)
Prezida DonaldTrump (i buryo), Prezida Mohamoud Abbas (i bubamfu)

Umuvugizi mu biro vy’Umukuru w’Igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Sean Spicer yatangaje ko Prezida Donald Trump yatumiye mugenzi we wa Palestine, Mahmoud Abbas. Ni mu gihe gushik’ubu atawuzi intambwe ibiganiro hagati ya Palestina na Isirayeri bigezeko.

Ubwo butumire bwasohotse kur’uyu wa gatanu, inyuma y’aho abo bategetsi baganiririye kw’iterefone, ku ncuro ya mbere kuva Prezida Trump atanguye amabanga yo kuyobora igihugu. Spicer yemeje kur’uyu wa gatanu ubwo butumire, yamara ntiyavuze ryari butegekanijwe kuba.

Mu kwezi kabiri, Prezida Trump yarabonanye n’Umushikirangaji wa mbere wa Israyeli, aho yatangaje ko adashigikiye umugambi wo gushiraho ama reta abiri nk’uko vyamye bishigikiwe n’abatwaye imbere yiwe. Ivyo biganiro bikaba vyahagaze kuva mu kwezi kwa kane, mu mwaka w’ibihumbi bibiri na cumi na kane, inyuma y’aho uwahora ar’umushikiranganji wa Departema ya Amerika, John Kerry, ageragereje guhura n’abamwe bose ukwabo.

Kur’uyu wa kabiri, Nikki Haley, aserukira Amerika muri ONU yarabonaye n’uwuserukira Palestina muri ONU, Riyad Mansour. Kubwa Halley, abanyepalestina n’abany’Israyeli ngo bategerezwa kwicarana bagatora umuti w’ibibazo bibahanze hagati yabo, batarinze kurondera inyishu iva mu makungu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG