Uko wahagera

USA: Abanyesomaliya Batari Bake Basubijwe Iwabo


Garoonka Muqdisho
Garoonka Muqdisho

Mu bugira kabiri muri uyu mwaka, Reta Zunze Ubumwe z'Amerika zirukanye mu gihugu umurwi w’abimukira b’Abanyesomaliya.

Indege itwaye Abanyesomaliya 68 yashitse kur'uyu wa gatanu ku murwa mukuru wa Somalia, Mogadisho.

Abirukanywe baherekejwe n’abakozi bo mu biro bijejwe abimukira n’ukwubahiriza amategeko ku binjira ku butaka bw'Amerika, babashikirije abategetsi ba Somaliya.

Umwe mu birukanywe ku butaka bwa Amerika, Nur Muhamed Mohamud, yabwiye Ijwi ry'Amerika, Serivisi y’Igisomali, ko yaciye mu bihugu birenga cumi mu kiringo c’amezi abiri kugira ashike Amerika.

Yatangaje ko yapfunzwe mu kiringo c’amezi mirongo ibiri muri Reta ya Florida imbere yuko arungikwa mu gihugu ciwe. Amenyesha ko banse kumuha ubuhingiro yari yasavye, kw’atari umugizi wa nabi.

Mohamud, avuga ko Ambasade ya Somaliya i Washington, yahaye impapuro zaborohereje gutahuka muri Somaliya.

Bubaye ubugira kabiri Amerika yirukana abimukira b’Abanyesomaliya batari bake kuva Donald Trump, abaye perezida w'Amerika, kw’italiki 20 z’ukwezi kwa mbere.

Umurwi wa mbere w’Abanyesomaliya 90 barungitswe mu gihugu cabo n’indege mu mpera z’ukwezi kwa mbere.

Somaliya ni kimwe mu bihugu birabwa n’ingingo ya perezida Trump ibuza kwinjira ku butaka bw'Amerika, abantu bava mu bihugu bitandatu bigizwe ahanini n’Abayisilamu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG