Uko wahagera

Perezida Buhari wa Nigeriya Yatahutse Mu Gihugu


Umushumba w'itorere ry'Abangilikani Justin Welby ari kumwe na Perezida Muhammadu Buhari mu Bwongereza
Umushumba w'itorere ry'Abangilikani Justin Welby ari kumwe na Perezida Muhammadu Buhari mu Bwongereza

Perezida w’igihugu ca Nigeriya, Muhammadu Buhari yatahutse mu gihugu ciwe avuye mu Bwongereza aho yari amaze indwi zitatu yagiye kwivuza.

Yamara icegera ca perezida azobandanya kuyobora igihugu muri iki gihe.

Buhari yatahukanywe n’indege mu gisagara ca Kaduna, mu gitondo c’uno musi ku wa gatanu, mu nyuma yaho ajanwa n’indege ya kajugujugu ku murwa mukuru Abuja, aho yakiwe n’icegera ca perezida, Yemi Osinbajo, n’abategetsi bakomeye b’igisirikare.

Mu vyo yatangaje, ntaco perezida Buhari, yavuze ku ndwara yiwe, naho yavuze ko yatewe amaraso mu kiringo c’indwi zitatu yamaze mu gisagara ca Londres, mu Bwongereza.

Perezida Buhari, yamenyesheje ko azobandanya kuruhuka.

Mw’itangazo ryashikirijwe n’ibiro vyiwe, Buhari yatangaje ko yumva ameze neza kurushiriza. Yamara ashobora gukenera gusubira kwipimisha mu ndwi nkeyi ziri imbere.

Perezida Buhari, muri iki gihe afise imyaka 74, yavuye muri Nigeriya, kw’italiki 19 z’ukwezi kwa mbere, inyuma yuko ashikirije icese ubutegetsi icegera ciwe, Yemi Osinbajo.

Perezida Buhari, ntiyaserutse ahabona mu kiringo c’amayinga indwi yamaze i Londres, kiretse amasanamu yamwerekanye ariko abonana n’abashitsi, aho yaboneka ko yananutse cane.

Ibiro vy’umukuru w’igihugu vyaranse kuvuga indwara yiwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG