Uko wahagera

Uburundi Bugiye Kwandikisha Amato Akorera Mu mazi Yabwo


Leta y'Uburundi igiye guha inomero amato yose akorera mu mazi agenzugwa n’u Burundi ku mvo y’umutekano w’abakorera imirimo mu mazi.

Ibi bisigurwa na Gerard Nyandwi umuyobozi mukuru w’igisata kijejwe gutunganya ibikorwa vyose bibera mu mazi y’u Burundi no guteza imbere ibivuko.

Nyandwi avuga ko iyo ubwato buzwi, bishobora gufasha abarovyi kuronka ingurane mu mabanki, kwakirwa mu mashirahamwe y’ubwishingizi no mu mashirahamwe ategekaniriza kazoza abakozi. Amenyesha ko gutunganya neza igisata c’uburovyi bituma umwimbu w’amafi ugwira.

Kimwe mu biriko bituma umwimbu uba muke mu biyaga vyo mu buraruko, ni imitego itemewe n’amategeko ikoreshwa mu kuroba.

Muri iyo mitego, harimwo n’imisegetera yagenewe kwikingira malariya.

Vincent Minani arongoye urunani rw’amashirahamwe y’abarovyi mu Burundi, avuga ko iyo umwimbu w’amafi ugabanutse bivyara amatati mu mazi.

Umwimbu muke w’amafi urangwa mu biyaga ku ruhande rw’u Burundi niwo watumye Abarundi baraswa mu Kiyaga Cohoha n’abasirikare b’u Rwanda. Bisigurwa n’umwe mu barovyi bari bitavye inama yo kubahimiriza kwandikisha amato yabo.

Ikindi kiriko kiratera umutekano muke mu Kiyaga Cohoha nk’uko vyashikirijwe n’abari muri iyo nama, ni ubusuma bw’inka Abarundi bajabuka kwiba mu Rwanda.

Ijwi ry’Amerika ryashatse kumenya ico igisata kigenzura ibikorwa vyo mu mazi kiriko kirakora ku bijanye n’Abarundi barasiwe mu kiyaga Cohoha n’ubu batarabone mu miryango yabo. Umuyobozi mukuru w’ico gisata Gerard Nyandwi, avuga ko bari mu matohoza.

Umuyobozi mukuru w’igisata kijejwe kugenzura ibikorwa vyo mu mazi y’u Burundi, gutezimbere ibivuko no gukurikirani imigambi y’amabarabara y’indarayi asaba bene amato kuyasansumisha kuko bizobagirira akamaro ntangere.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG