Uko wahagera

RDC: Impari kw'Ipfubwa rya Etienne Tshisekedi


Ikigandaro ca Etienne Tshisekedi mu gihugu c'Ububirigi itariki 5 z'ukwa kabiri, mu 2017.
Ikigandaro ca Etienne Tshisekedi mu gihugu c'Ububirigi itariki 5 z'ukwa kabiri, mu 2017.

Muri Republika Iharanira Demokrasi ya Kongo ubutegetsi bwasohoye itegeko ryo guhagarika ibikorwa vyo kwubaka imva ya Etienne Tshisekedi, umunyepolitike aheruka kwitaba Imana. Umuryango wiwe watangaje ko gutahana ikiziga ciwe vyungururijwe kw’itariki ya cumi na rimwe z’uku kwezi kwa gatatu.

Lambert Mende, umuvugizi wa Reta ya Kongo yatangaje ko ivyo bikorwa vyahagaritswe bivuye ko umuryango wiwe wabisavye. Umuryango ukavuga ko iyo ngingo yavuye m’umugambwe UDPS, Etienne Tshisekedi yarasanzwe arongoye, bivuye ko uwo mugambwe wanse ko ashingurwa mw’itongo risanzwe rishingurwamwo abandi banyecubahiro. Abanywanyi b’umugambwe UDPS, basaba ko Tshisekedi yoshingurwa ku ngoro y’uwo mugambwe.

Gushik’ubu Reta ya Kongo irahakana ivyo bisabwa n’umuryango wa Tshisekedi, ikavuga ko ari ku mvo z’umutekano. Bitegekanijwe ko mur’iyi ndwi haba ibiganiro hagati y’umugambwe n’ubutegetsi mu ntumbero yo kwumvikana aho uwo mugirwa urangurigwa.

M'ugambwe UDPS gushik'ubu harangwa impari zo gusubiriza Etienne Tshisekedi k'uburongozi bw'uwo mugambwe. Ivyo vyatumye abanywanyi b’uwo mugambwe bicamwo imice ibiri.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG