Uko wahagera

Urwanko ku Bimukira Rwariyongeye m'Ubudagi


Abategetsi b’Ubudagi barashize ahabona ibitigiri vy’impunzi n’abimukira basinzikarijwe ubuzima mubitero bishika cumi k’umusi bagizweko n'abadagi m’umwaka w’2016.

Ibiharuro bitangwa n’igipolisi c’Ubudagi vyerekana ko habaye ibitero birenga 3,500 vyakozwe ku bimukira, abantu 560 barimwo abana 43 bakaba barabikomerekeyemwo.

Reta y’Ubudagi yatangaje ko ibabajwe n’ubwo bugizi bwa nabi.
Ivyo ni mugihe m’umwaka w’2015, abimukira bashika ku 1,408 aribo batewe n’abadashigikiye umuzo w’abimukira mur’ico gihugu.

Bagiriza Chanseliye Angela Merkel w’Ubudagi ko ariko yugururira imiryango impunzi bavuga ko arizo zihungabanya amahoro n'umutekano.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG