Uko wahagera

King Jong Nam Yoba Yazize Politike


북한 김정은 북한 국무위원장(오른쪽)과 최근 피살된 김정은의 이복형 김정남. (자료사진)
북한 김정은 북한 국무위원장(오른쪽)과 최근 피살된 김정은의 이복형 김정남. (자료사진)

Uwahoze ar’Umushikiranganji w’umutekano wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Leon Panetta, yatangaje k’urupfu rw’uwuvukana na Kim Jong Un, umutegetsi wa Koreya ya Ruguru, rwerekana ko ata mutekano abategetsi ba Koreya ya Ruguru bafise. Panetta amenyesha ko bihuye n’ivyo bahora bikeka ku bijanye n’ubutegetsi bw’ico gihugu.

Kubwa Panetta ngo bigaragara ko umuntu wese afise ivyiyumviro bidahwanye n’umurongozi wa Koreya ya Ruguru, ashobora kwicwa. Kim Jong Nam, yarafise imyaka mirongo ine n'itanu, yitavy’Imana itariki cumi na zitatu z’uku kwezi kwa kabiri, ahawe uburozi n’abagore babiri bamusanze ku kibuga c’indege co muri Malaisie, I Kuala Lumpur.

Kur’uyu wa gatanu, igipolisi co muri Malaisie catangaje ko uburozi bwahitanye Kim buri mu bwoko bubujijwe bw’ibigwanisho vy’ubamara, Igihugu ca Koreya ya Ruguru kitigeze giterako igikumu. Igipolisi co muri Malasie kimenyesha ko cafashe abagore baregwa kw’aribo bahaye uburozi Kim, kandi ko gitegekanya gukora amatohoza ku bandi bantu indwi baturuka muri Koreya ya Ruguru, harimwo n’umukozi wo mu biro vy’uwuserukira Koreya ya Ruguru muri Malaisie.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG