Uko wahagera

UNICEF: Inzara mu Karere Ka Afurika Yabaye Ndanse


Muri uyu mwaka, inzara irageramiye akarere ka Afrika mu buryo budasanzwe. Ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U ryatangaje inzara mu bice vyo muri Sudani yo mu bumanuko. Ikibazo c’ibifungurwa kirageramiye abantu miliyoni n’imiliyoni mu ntara nka zose zigize akarere ka Afrika.

Impamvu ziratandukanye hamwe n’inyishu zishikirizwa. Yamara abahinga bavuga kw’ibibazo bikomeye cane biterwa n’intambara. Inkurikizi z’uruzuba ziza zunyura ibintu yamara intambara nizo zigira uruhara rukomeye cane mu gutuma haba ibibazo bikomeye vy’inzara.

Uruzuba rurashobora gutuma haba ibibazo bikomeye vy’ibifungurwa yamara naho hoba habaye uruzuba rukomeye cane, haraboneka akaryo k’ukuva muri ivyo bibazo mu gihe imvura isubiye kurwa.

Ikibazo c’intambara nuko kenshi idaha agahengwe abanyagihugu. Ishami ry’ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U ryitaho abana, UNICEF, ryagabishije kw’abana umuliyoni n’ibihumbi amajana ane bashobora gupfa mu bihugu bine, n’ukuvuga Nijeriya, Sudani yo mu bumanuko, Somaliya na Yemeni. Ivyo bihugu uko ari bine biri mu ntamabara canke imigumuko.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG