Uko wahagera

Ingabo za Iraki ZIritegura Kwisubiza Mosul


Abategetsi b’igisirikare c’igihugu ca Iraki bavuga kw’inteko zifashijwe na Reta Zunze Ubumwe za Amerika zagize intambwe zikomeye mu gice co mu burengero bw’igisagara ca Mosul. Ivyo inyuma yuko izo nteko zigize ibitero bitari bike vy’ugusubira kwigarurira ico gisagara.

Ivyo bibaye umusi umwe inyuma yuko inteko zijejwe kurwanya iterabwoba zisubiye gufata ikibuga c’indege co mu gisagara ca Mosul, cari mu minwe ya Reta ya Kiyislamu kuva mu mwaka w’i 2014.

Gufata ikibuga c’indege co mu gisagara ca Mosul, bizotuma inteko za Reta ya Iraki zishobora kwinjira muri ico gisagara zivuye mu bumanuko bushira uburengero.

Abarwanyi ba Reta ya Kiyislamu batujijwe mu gice co mu buseruko bw’igisagara ca Mosul mu kwezi kwa mbere. Yamara baracafise ibice vyo mu burengero bw’igisagara ca Mosul.

Inteko za Reta ya Iraki zatanguye ibitero vy’ugusubira kwigarurira uburengero bwa Mosul ku musi w’Imana.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG