Uko wahagera

Iraki: Abasirikare ba Reta Bafashe Ikibuga c'Indege ca Mosul


Umusirikare wa Iraki hanze y'inyubakwa mugitero k'umuhari wa Reta ya Kiyisilamu i Mosul, muri Iraki, Feb. 21, 2017.
Umusirikare wa Iraki hanze y'inyubakwa mugitero k'umuhari wa Reta ya Kiyisilamu i Mosul, muri Iraki, Feb. 21, 2017.

Abajejwe umutekano mu gihugu ca Iraki bashigikiwe na Reta Zunze Ubumwe za Amerika, uyu musi ku wa kane, bafashe ikibuga c’indege gikuru co mu gisagara ca Mosul: Ikibanza cahora ar’icicaro gikuru c’umuhari wa reta ya Kiyisilamu.

Abajejwe umutekano barimwo abasirikare bari mu murwi ufise ubuhinga bwo gutabara mu buryo bwihutirwa; abapolisi ba reta hamwe n’imirwi ijejwe gutuza iterabwoba, bakoze ibitero kur’ico kibanza c’indege hamwe no kw’ikambi ya gisirikare iri mur’iyo micungararo, uyu musi ku wa kane.

Ibiro bijejwe gutangaza amakuru vy’abanyamerika Reuters vyantangaje inkuru yacishijwe kuri television, ivuga kw’abasirikare bari mu murwi w’abahinga batabara mu buryo bwihutirwa hamwe n’abapolisi ba reta, bamaze kwigarurira ico kibanza c’indege.

Ico gitero kiri mu bitero vya gisirikare, vyatanguye ku musi wa mungu, bifise intumbero yo kwomora umuhari wa reta ya Kiyisilamu ucumbitse mu burengero bw’igisagara ca Mosul.

Abasirikare b’igihugu ca Iraki bigaruriye ubuseruko bw’igisagara ca Mosul mu kwezi guheze: Igisagara, uyo murwi wari wafashe mu mwaka w’2014.

XS
SM
MD
LG