Uko wahagera

ONU Iratabariza Abatuye Etiyopiya na Somaliya


Abapfasoni batwaye imfashanyo y'ibifungurwa y'ishirahamwe HCR mu bumanuko bwa Somaliya
Abapfasoni batwaye imfashanyo y'ibifungurwa y'ishirahamwe HCR mu bumanuko bwa Somaliya

Amashirahamwe y’abagiraneza ariko asaba abatanga imfashanyo b’abanyamahanga gutanga amafaranga ayo mashirahamwe akeneye kugira yongereze ibikorwa vy’ugutabara ibihugu vya Etiyopiya na Somaliya bisinzikajwe bikomeye n’ingaruka zikomeye z’uruzuba. Abantu imiliyoni n’imiliyoni muri ivyo bihugu bageramiwe n’inzara bashobora gupfa canke bakarwara.

Imyaka itanu inyuma y’inzara yo mu mwaka w’i 2011 yahitanye abantu bagera ku bihumbi amajana abiri na mirongo itandatu muri Somaliya, inzara yasubiye kugeramira bikomeye ico gihugu.

Ibice bigheramiwe kurushairiza ni Puntland na Somaliland mu buraruko bw’igihugu. Abantu batari bake muri ivyo bice bamaze gupfa bivuye ku nkurikizi z’uruzuba, abandi batari bake bakaba barwaye kubera izo mpamvu.

Umuvugizi w’ishami ry’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryitaho abana, UNICEF, Leo Dobbs yatangaje kop baronse amakuru avuga kw’abantu mirongo itatu n’umunani bapfuye bifatiye ku mpamvu zijanye n’ingaruka z’uruzuba mu ntara ya Bakool muri Somaliya. Avuga ko mu barwaye hari abo vyibonekeza kw’ari inkurikizi z’ugufungura nabi cane, cane cane abana. Abandi baracibwamwo canke barwaye cholera.

Leo Dobbs avuga ko bisa nuko ivyo bibazo bizokwiyongera niyo imfashanyo ifadika itaboneka.

Ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U, rivuga kw’icakabiri c’Abanyasomaliya imiliyoni zitandatu n’ibihumbi amajana abiri bageramiwe n’inkurikizi z’uruzuba.

Ishami ry’ishirahamwe O-N-U ryitaho abana, UNICEF rimenyesha kw’abana aribo bageramiwe kurusha abandi.

XS
SM
MD
LG