Uko wahagera

Imanza ku Matora yo mu Burundi


Diedonne Bashirahishize (R) na Christophe Sebudandi (L)
Diedonne Bashirahishize (R) na Christophe Sebudandi (L)

Urunani rw’amashirahamwe yigenga yo mu karere ka Afrika y’Ubuseruko (East African Civil Society Organisation’s Forum) rwunguruje urubanza ruregwamwo reta y’u Burundi n’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza muri Sentare y’Afrika y’ubuseruko.

N’inyuma y’urubanza rwari rwashingishijwe nayo mashirahamwe asaba ko amatora yose yabaye mu Burundi mu mwaka w’2015 yofutwa.

Murubanza rwambere rwasomwe kumwaka uheze, iyo Sentare yafashe ingingo ivuga ko ukwitoza kwa Perezida w’Uburundi Petero Nkurunziza kwubahirije amategeko yose y’imbere mu gihugu

Ababuranira amashirahamwe yigenga yo mu Burundi bavuga ko urubanza rwambere rwaciwe nabi kandi ko bizeye ko bazotsinda mu gisata ca kabiri c’iyungururiza ca sentare yegamiye umuryango wa Afrika y’ubuseruko.

N’urubanza rwashingishijwe mukwezi kw’7 ku mwaka wa 2015 imbere yuko amatora aba mu Burundi. Urunani rw’amashirahamwe yo mu karere ka Afrika y’ubuseruko East African Civil Society Organisation’s Forum, nirwo rwitwaye.

Mu birego vyabo basaba ko amatora atoba, ko ukwitoza kw’umukuru w’igihugu Perezida Petero Nkurunzi guhonyanga ibwirizwa nshingiro ry’u Burundi hamwe n’amategeko agenga umuryango wa Afrika y’Ubuseruko, hamwe nuko Sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro yatewe ubwoba kugira yemeze umukandida Petero Nkurunziza w’umugambwe Cndd-Fdd.

Ingingo yatumye ayo mashirahamwe yungurunza n’iyasomwe mukwezi kwa cyenda umwaka uheze. Ico gohe sentare yegamiye umuryango w’Afrika y’ubuseruko yavuze ko yaba amatora yabaye, ikiringo c’umukuru w’igihugu, igenwa ry’Umukandida Petero Nkurunziza vyakurikije amategeko agenga u Burundi.

Perezida Pierre Nkurunziza mu gikorwa cyo gutora
Perezida Pierre Nkurunziza mu gikorwa cyo gutora

Iyo sentare Yatangaje kandi ko atabubasha ifise bwo gusubiramwo ingingo ya sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa nshingiro yo kurekurira Perezida Petero Nkurunziza gusubira kwitoza.

Maitre Dieudonne Bashirahishije wo murayo mashirahamwe yigenga n’umwe mubafashanije n’abashingwamanza babo bo murunani rw’abashingwamanza bo muri Afrika nzima Union Panafricaine des avocats kunguruza urubanza.

Kuruhande rwa Leta y’uburundi, Maitre Kayobera Nestor ayiburanira avugako biteguye gutsinda urubanza nkambere.

Igisata c’iyungururizo ca setare y’Afrika y’ubuseruko cakiriye dossier yo kunguruza urubanza. Imburano nyezina zikazoba mukwezi kwa 5 uyu mwaka atagihindutse.

Umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika i Arusha Pierre-Claver Niyonkuru ni we utugezaho iyi nkuru.

please wait
Embed

No media source currently available

0:00 0:04:03 0:00

XS
SM
MD
LG