Uko wahagera

Libiya: Ibiziga 74 vy’Abimukira b’Abanyafrika Vyatowe


Ifoto ya kera y'abakozi b'ishirahamwe rijejwe gutabara imbabare, Croissant Rouge batora ibiziga
Ifoto ya kera y'abakozi b'ishirahamwe rijejwe gutabara imbabare, Croissant Rouge batora ibiziga

Ishirahamwe rijejwe gutabara imbabare, Croissant Rouge, mu gihugu ca Libiya ryatangaje kw’ibiziga vy’abantu 74 vy’abimukira b’Abanyafrika vyatowe ku nkengera z’ibahari mu buraruko bw’igihugu ca Libiya.

Umuvugizi w’iryo shirahamwe Mohammed al-Misrati, yatangaje kw’ubwato bwari bwasambutse bwatowe ku musi wa mbere mu gitondo hafi y’igisagara ca Zawiya ku nkengera z’ibahari Mediterane.

Al-Misrati amenyesha ko yiteze kw’ibindi biziga vy’abimukira biseruka mu mazi kubera ubwato kenshi butwara abantu bagera kw’ijana na mirongo ibiri.

Al-Misrati ,avuga kw’ibiziga vyatowe bizojanwa ku kaburi ku murwa mukuru wa Libiya, Tripoli kagenewe abantu batashoboye kumenyekana.

Inteko zijejwe gukingira imbibe zo mu mazi b’igihugu ca Libiya bavuga kw’abimukira barenga amajana atanu baratabawe mu mazi y’ibahari Mediterane mu burengero bw’ahitwa Zawiya ku musi wa gatanu no ku musi wa gatandatu w’indwi irangiye.

Abimukira 4,579 barapfuye mu mwaka uheze basomye nturi mw’ibahari Mediterane bavuye muri Libiya bagana igihugu c’Ubutaliyano.

XS
SM
MD
LG