Uko wahagera

RDC: Reta Yahakanye Gutanguza Amatohoza k'Ubwicanyi


Abanyagihugu ba Kongo mu mabarabara y'i Mbuji Mayi, mu ntara ya Kasai y'Ubuseruko
Abanyagihugu ba Kongo mu mabarabara y'i Mbuji Mayi, mu ntara ya Kasai y'Ubuseruko

Reta ya Republika iharanira demokarasi ya Kongo yanse kugira amatohoza ku bwicanyi bwagaragaye mu masanamu ya videwo yasohowe kumbuga ngurukana bumenyi mu mpera z’iyi ndwi turangije yerekana abasirikare bayo bica abasivile mu ntara ya Kasayi.

N’inyuma y’aho ibihugu vy’Ubufaransa, Reta zunze ubumwe z’Amerika n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU basabiye reta ya Kongo gutanguza amatohoza yihuta kugira abagize ubwo bwicanyi bagaragare kandi bahanwe.

Reta ya Kongo yisigura ivuga ko ayo mavidewo ari irementanya kandi ko atari ahayo gucira urubanza abo basirikare ahubwo abo batazwi bayagiriza nibo bakwiye kwerekana ivyemeza kugira abazokwagira bazohanwe.

Mwomenya ko muntara ya Kasaï havutse umuhari urwanya reta kuva m’ukwezi kw’icenda 2016, inyuma y’aho hiciwe Kamwina Nsapu umukuru wa bumwe mu bwoko mur’ako karere m’ukwezi kwa munani 2016. Abantu bashika amajana abiri nibo bavugwa ko bamaze kuhasiga ubuzima kuva ico gihe.

XS
SM
MD
LG