Uko wahagera

Somaliya: Ibitungwa Birabangamiye n'Uruzuba


Ibitungwa muri Somaliya biriko birapfa kubwinshi kubw’uruzuba n’ubugaragwa rwatewe nuko imvura imaze igihe kitari gito itarwa. Muntara ya Somaliland, 40 kw’ijana vy’impene n’intama ziramaze gupfa, n’ukuvuga ibitungwa biharurwa ku miliyoni cumi.

Havugwa ko mugihe imvura itorwa mur’ukwezi kwa kane abanyagihugu bahora bikora kur’ivyo bitungwa bashobora gutandukirwa. Ishirahamwe mpuzamakungu ONU rigabisha amapfa muri Somaliya, kandi rivuga ko abantu barenga imiliyoni zitandatu bakeneye imfashanyo z’ibifungurwa zihuta.

Umurwi ushinzwe gukurikirana ivy’uruzuba muri Somaliya ushikiriza ko abantu 40 bamaze kwicwa n’inzara mu ntara ya Somaliland gushik’ubu. Ku mamiliyoni y’abanyesomaliya kubaho mur’iki gihe c’ubugaragwa n’uruzuba n’ukwiruka n’umwanya.

XS
SM
MD
LG