Uko wahagera

Ambasaderi w'Uburusiya muri O-N-U Yitavye Imana


 Nyakwigendera Ambasaderi w'Ubaurusiya, Vitaly Churkin
Nyakwigendera Ambasaderi w'Ubaurusiya, Vitaly Churkin

Vitaly Churkin, yari amaze igihe ari Ambasaderi w’Uburusiya mw’ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U, yitavye Imana giturumbuka ku musi wa mbere i New York, umusi umwe imbere yuko yari kuba yashikanye imyaka mirongo itandatu n’itanu.

Ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bw’Uburusiya bwamenyesheje amakuru yerekeye urupfu rwa Churkin mw’itangazo. Nta vyinshi ubwo bushikiranganji bwatangaje ku bijanye n’urupfu rwiwe.

Bagenziwez baserukira ibihugu vyabo mw’ishirahamwe O-N-U, barerekanye buno nyene ko baguye mu gahundwe kandi babajwe n’urupfu rwiwe rwabaye giturumbuka.

Vitaly Churkin ,yavukiye ku murwa mukuru w’Uburusiya, Moscou, kw’italiki 21 z’ukwezi kwa kabiri, umwaka w’i 1952.

Yatanguye gukora mu bushikiranganji bujejwe imigenderanire mu mwaka w’i 1974.

Yabaye Ambasaderi w’Uburusiya mw’ishirahamwe O-N-U, kuva mu mwaka w’i 2006. Yari yubashwe na bagenziwe, n’abaserukira amareta atacana uwaka n’Uburusiya.

XS
SM
MD
LG