Uko wahagera

Abantu 39 Bahitanywe na Bombe Muri Somaliya


Igitigiri c’abantu bahitanywe n’igitero ca bombe yari yatezwe mu modoka ku murwa mukuru wa Somaliya, Mogadisho, cabaye ku musi w’Imana, kimaze kugera kuri 39.

Benshi mu bishwe ni abasivile bari mu kibanza kirimwo isoko citwa, Kawo-Goday ku murwa mukuru, Mogadisho.

Abategetsi bajejwe umutekano bavuga ko bikeka kw’imodoka yari yatezwemwo iyo bombe yari igenewe ahandi hantu ko yamara itashoboye kuhashika kubera amabarabara yari yugaye kandi inteko zijejwe umutekano zari zongerejwe imbere y’ukurahira kwa perezida mushasha, Mohammed Abdullahi Farmajo, ku musi wa gatatu.

Nta wiyitiriye ico gitero ca bombe.

Umurwi w’abarwanyi al-Shabab, kenshi uragira ibitero ku mahoteri n’amasoko mu kiringo kirenga imyaka cumi umaze urondera gutemabaza Reta ya Somaliya.

Perezida mushasha wa Somaliya, Mohamed Abdullahi Farmajo, yemeye uno musi ku wa mbere guha impera uwariwe wese afise amakuru ku bijanye n’abafise imigambi y’ukugira ibitero vy’amabombe atezwe mu modoka

XS
SM
MD
LG