Uko wahagera

Burundi: Birukanywe Hafi y'Ikibira Ca Rukoko


Abanyagihugu bagizwe n’imiryango irenga 700 bo mu kigwati ca Kagaragara kiri hafi y’ikibira cimeza ca Rukoko muri komine Gihanga y’intara ya Bubanza batanguye kuva mur’ico kigwati.

Bashize mu ngiro akamo batewe na Buramatari w’intara ya Bubanza, ari kumwe n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati, uw’umutekano n’uwukwivuna abansi mu ntango z'uku kwezi kwa kabiri, mu nama yabereye I Buringa babasaba kuva aho mu Kagaraga ku mvo z’umutekano no gukingira ishamba cimeza ca Rukoko.

Ico gihe banabwirwa ko aho baba mu kigwati ca kagaragara ari mu kibanza gikingiwe, kandi ko ari ho bihaye ku nguvu.

Ivyo n’ubu abo banya gihugu batemera bakavuga ko ari ho bavukiye bakavuga ko ayo matongo ari ayabo.

Naho biri uko hari abamaze kuvayo bagana ku biro vya zone Buringa.

Basaba kuronswa ahandi baba nk’uko buramatari w’intara ya Bubanza Tharcisse Niyongabo yari yabibemereye.

XS
SM
MD
LG