Uko wahagera

Umwuka Mubi Hagati ya Koreya na Maleziya


Kim Jong-nam, avukana ku muvyeyi umwe n’umutegetsi wa Koreya ya Ruguru, Kim Jong-un
Kim Jong-nam, avukana ku muvyeyi umwe n’umutegetsi wa Koreya ya Ruguru, Kim Jong-un

Umwuka mubi uriko utera wiyongera hagati ya Koreya ya Ruguru na Maleziya inyuma y’ibisa n’igandagurwa rya Kim Jong-nam, avukana ku muvyeyi umwe n’umutegetsi wa Koreya ya Ruguru, Kim Jong-un.

Kang Chol, aserukira Koreya muri Maleziya, yasavye ko haba itohoza rigiriwe hamwe na Maleziya na Koreya ya ku rupfu rwa Kim Jong-nam.

Yabwiye abamenyeshamakuru kw’uruhande rwiwe rudashobora kwizigira itohoza rigizwe n’igipolisi ca Maleziya.

Umushikiranganji wa mbere wa Maleziya, Najib Razak, yishuye mu kuvuga kw’ata nyungu igihugu ciwe gifise y’ukuvuga nabi Koreya ya Ruguru. Yatangaje ko yizigiye kw’itohoza igihugu ciwe kiriko kiragira rizogenda neza.

Umushikiranganji ajejwe amagara y’abantu wa Maleziya, yatangaje kw’ivyavuye mu bipimo vyagizwe kuri Kim Jong-nam, bishobora kuzotangazwa ku musi wa gatatu.

XS
SM
MD
LG