Uko wahagera

USA: Itegeko Rya Perezida Kubimukira Ritunganijwe Gusha


Perezida wa Reta zunze ubumwe z’Amerika Donald Trump agiye gusohora irindi tegeko ritunganijwe ukundi gusha, ribuza abimukira bamuka mubihugu ndwi bigwiriyemwo abayisilamu kandi bivugwamwo iterabwoba kwinjira muri Amerika.

Ivyo vyashikirijwe na sekreteri w’Amerika ajejwe umutekano muri Amerika, John Kelly kur’uyu w’Imana aho ari m’Ubudagi mu nama mpuzamakungu y’umutekano yama iba buri mwaka. Yatangaje ko iryo tegeko rishasha rizoba ryiza kuruta iriheruka gusohorwa kandi ryateye impari n’uruhagarara kandi ryiyamirijwe n’amasentare yo muri Amerika.

Iryo tegeko rishasha kubimukira ryitezwe kur’uyu wa kabiri italiki 21 z'ukwezi kwa kabiri, 2017 kandi rizongereza ubwoko bw’abantu batagira ivyangombwa kandi bashobora kuzosubizwa mu bihugu baje bavamwo nkuko sekreteri Kelly abandanya avuga.

XS
SM
MD
LG