Uko wahagera

France: Imyiyerekano yo Kwiyamiriza Abapolisi


Abanyagihugu bo m'Ubufaransa, mu myiyerekano yo kwiyamiriza abapolisi
Abanyagihugu bo m'Ubufaransa, mu myiyerekano yo kwiyamiriza abapolisi

M’Ubufaransa, mu micungararo itandukanye, kur’uyu wa gatandatu habaye imyiyerekano yo kwiyamiriza ihohoterwa rikorwa n’abapolisi. N’inyuma y’aho abapolisi bafatiye ku nguvu umusore w’umwirabure.

Iyo myiyerekano yitabiwe n’abavyeyi, abana, abanyeshure, abahurikiye mu mshirahamwe atandukanye, imigwi igwanya amacakubiri hamwe n’abageze mu zabukuru. Bahuriye hagati mu gisagara c’i Paris, bakaba bari bazanywe no gusaba k’uwo musore ashumbushwa inyuma y’aho agiriwe nabi.

Abapolisi bane bariko bakorwako amatohoza kur’ubwo bubisha. Iryo hohoterwa ryatumye haba kwiyumvira gusubiramwo gushasha uburyo igipolisi gisanzwe gitunganijwe. Abenshi bagiriza abapolisi ko bakoresha amacakubiri mu gusuzuma ivyangombwa, kandi ko abapolisi baregwa n’ivyaha badaheza ngo bahanwe.

Amashirahamwe y’abapolisi avuga ko bitabereye ko abapolisi bose bashigwa m’umugwi umwe. Abenshi bakavuga ko bakora ukwo bashoboye kugira bakingire abanyagihugu. Mur’iyo myiyerekano yo kubiyamiriza, abapolisi bari bagiye gucungera umutekano wayo.

XS
SM
MD
LG