Uko wahagera

Prezida Trump Yagiye Gushimira Abanywanyi Biwe


Prezida Donald Trump, mw'ikoraniro ryo gushmira abanywanyi biwe, muri Reta ya Floride
Prezida Donald Trump, mw'ikoraniro ryo gushmira abanywanyi biwe, muri Reta ya Floride

Abantu baharugwa mu bihumbi mirongo itatu bitabiye ikoraniro ryatunganijwe n’Ibiro vy’Umukuru w’Igihugu ca Amerika, kur’uyu wa gatandatu, muri Reta ya Floride. Kar’akaryo kuri Prezida Donald Trump ko gushimira abanyagihugu ku ntsinzi bamushikanyeko.

Sarah Sanders, umuvugizi mu biro kwa Prezida, yaratangaje, k’umunsi wa kane, mu kinyamakuru Reuters, ko Prezida Trump yatunganije iryo koraniro bivuye ko atizeye ko ubutumwa bwiwe butangwa neza n’ibinyamakuru. Amakoraniro nkayo yarakozwe n’abarongoye Amerika imbere yiwe, aho Prezida Barack Obama nawe yazungurutse ama Reta atandukanye mu ntumbero yo gushimira abanyagihugu no kubashikiriza imigambi yiwe.

Ubudasa bw’ayo makoraniro nuko Prezida Trump ategekanya kwegeranya amafaranga yo kuzokwiyamamaza mu matora yo mu mwaka w'Ibihumbi bibiri na mirongo ibiri, mu kiringo ca kabiri. Ni mugihe Prezida Obama we yari yarindiriye ikiringo c’imyaka ibiri kugira ashobore gutanga ivyagombwa bimwemerera gusubira kwitoza.

XS
SM
MD
LG