Uko wahagera

Imyiyerekano yo kwiyamiriza Arusha

Mu gihe Abarundi bamwe bari mu biganiro i Arusha, amashirahamwe yigenga amwe amwe yatunganije imyiyerekano ku mugwa mukuru Bujumbura kuri uyu wa gatandatu. Imyiyerekano yari iyo kwiyamiriza itumirwa mu biganiro bya Arusha ry'abanyepolitike batunganije ibyo yita “imyiyerekano” yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Perezida Nkurunziza muri 2015 n'abafadikanije n'abashatse guhirika ubutegetsi muri uwo mwaka nyene. Ayo mashirahamwe avuga ko atazemera ibizova mu biganiro agasaba na Leta kugira nkayo. Mu myiyerekano harimwo kandi bamwe mu banyepolitike bumva ibintu kumwe n’aya mashirahamwe.

Voma ibindi

XS
SM
MD
LG