Uko wahagera

Arusha: Mkapa Asaba Uburundi Kudahindura Ibwirizwa Shingiro


Perezida Benjamin Mkapa
Perezida Benjamin Mkapa

Mwijambo ryiwe ku munsi ugira kabiri w’ibiganiro, uwahoze ari perezida wa Tanzaniya Benjamin Mkapa umuhuza mu matati y'Abarundi, yategetse ko reta y’Uburundi itohorahira ngo ihindure ibwirizwa nshingiro canke ngo itegure amatora yo kwemeza canke guhana ibwirizwa nshingiro.

Perezida Benjamin Mkapa yabwiye abo banyepolitike bose bitavye ibiganiro bari munzu imwe y’amanama kiretse abaserukire urunani CNARED rutavugaruwe na reta ko ari iyo ngingo ari ntabanduka. Yamenyeshe ko uko ibintu vyifashe mu Burundi bidahumuriza kugira ibwirizwa nshingiro rihinyanyurwe. Yavuze ubwoba buhari hamwe n’umutekano muke.

Perezida Benjamin Mkapa
Perezida Benjamin Mkapa

Bwana Mkapa yagabuyemwo imigwi itanu abanyepoitike bose abaha urwandiko rw’ibibazo 8 babwirizwa gutanga ko umwihwezo naho bahagaze. Harimwo guhagarika ubwicanyi, gukarukana amahoro, gutahukana impunzi, ubutunzi, imigenderanire y’uburundi n’amakungu, kugarukana icuka ciza ca politike no gutegura amatora.

Umugambwe uri ku butegetsi CNDD FDD wabwiye umuhuza nuko yofasha impunzi zigatahuka harimwo n’abanyepolitike bahunze. Evariste Ndayishimiye, umunyamabanga mukuru w’uwo mugambwe n’intumwa zitatu zitavye ibiganiro .

Uwo mugambwe wabwiye umuhuza ko udashobora kwicarana nabo wita ko bashatse gutembagaza ubugetsi, bakanategura imigumuko mu gihugu. Abo nabo n’abatavugarumwe na reta baserukira urunani CNARED bagizwe n’umukuru warwo Dr Jean Minani hamwe n’intumwa zitandatu bazananye. Umuhuza yahavuye afata ingingo yo kuja kubonanira nabo batavugarumwe na reta mu mwiherero nko kubilometero 3 vyahariko habera inama.

Umunyamabanga mukuru wa CNARED Anicet Niyonkuru yavuze ko batiteguriye kwitaba akamo ko gutahuka mu Burundi.

Kuri uyu wa gatandatu niho bitegekanijwe ko hashirwa ahabona intererano zose zizoba zatanzwe zirimwo umuti w’ibibazo bihanze igihugu. Ku munsi wa mungu naho niho hazohoka ingingo yanyuma.

Umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika Arusha muri Tanzaniya, Pierre Claver Niyonkuru, ni we adushikiriza iyi nkuru.

please wait

No media source currently available

0:00 0:04:12 0:00

XS
SM
MD
LG