Uko wahagera

ONU: Somaliya Ibangamiwe n'Uruzuba


Umukenyezi n'umwana wiwe hafi y'impene zishwe n'uruzuba hafi y' Dhahar mu ntara ya Puntland, mu buraruko bwa Somaliya.

Umukenyezi n'umwana wiwe hafi y'impene zishwe n'uruzuba hafi y' Dhahar mu ntara ya Puntland, mu buraruko bwa Somaliya.

Ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U, rivuga kw’ica kabiri c’Abanyasomaliya imiliyoni zitandatu n’ibihumbi amajana abiri bageramiwe n’ingaruka z’uruzuba zakwiragiye mu ntara zo mu buraruko bw’igihugu.

Mu ndwi iheze abaserukira ishami ry’ishirahamwe O-N-U ritanga ibifungurwa, P-A-M, n’ishami ry’ishirahamwe O-N-U ryitaho abana, UNICEF, baragendeye ibice vyageramiwe kurusha ibindi mu ntara ya Puntland, iri mu buraruko bwa Somaliya. Bavuga ko babonye ibintu biteye agahinda aho abanyagihugu bananiwe n’ukugene bavyifatamwo.

Umuyobozi w’ishirahamwe P-A-M, muri Somaliya, Laurent Bukera, avuga ko mu gice kimwe, abapfasoni n’abana bagera ku majana atanu babayeho nabi cane aho bakikijwe n’ibitungwa vyabo vyapfuye. Atangaza kw’abagabo bavuye muri ico gice kugira barondere ibindi bice aho ibitungwa vyabo bishobora kuronka ubwatsi buremvye n’amazi.

Abantu bagera ku bihumbi amajana abiri na mirongo itandatu, ica kabiri muribo abana bari musi y’imyaka itanu, barafpuye bahitanywe n’inzara muri Somaliya hagati y’umwaka w’i 2010 n’umwaka w’i 2012.

Igitekerezo cyawe

Erekana ibyavuzweho

XS
SM
MD
LG