Uko wahagera

USA: Amiral Yanze Ubuhanuzi kwa Perezida Trump


Muri Leta zunze ubumwe z'Amerika, Vice Amiral Robert Harward yanse kwakira ikibanza yari yahawe na Perezida Donald Trump. Ico kibanza n’icumuhanuzi mukuru mu biro vy’umukuru w’igihugu kubibazo vy’umutekano.

Harward mw’itanganzo yasohoye yavuze ati: “ayo mabanga asaba ukwitanga amasaha 24 ku musi, ikiringo c’imisi 7 ku ndwi, ukora akazi neza kandi ata nkomanzi. Muri aka kanya ayo mabanga ntavyo noshobora”.

Uwo muhumure w’imiyaka 60, yahoze ari umwofisiye w’akagwi k’abasirikare bagwanira mumazi kadasanzwe, bita Navy Seal. Vice Amiral Harward avuga ikirimi co muri Irani bita Farsi. Yagiye mukaruhuko k’ubukukuruke (pansiyo) mu mwaka wi 2013.

Harward n’umusirikare yubashwe cane mu gwego gw’abasirikare bajejwe umutekano w’igihugu. Asanzwe akorana hafi na hafi na James Mattis, umushikiranganji mushasha ajejwe kwivuna abansi.

Igitekerezo cyawe

Erekana ibyavuzweho

XS
SM
MD
LG