Uko wahagera

Abanyanijeriya ni bo Banyafurika Benshi muri Amerika


Reta zunze ubumwe za Amerika zitanguye kuba igihugu cimukiramwo abanyafrika benshi. Aho ni mugihe igitigiri c’Abanyafrika muri Amerika ciyongereye incuro zibiri guhera mu mwaka w'i 2000. Naho benshi muribo baba bahunga ibihugu bisinzikajwe n’intambara, harimwo n’abandi ibihumbi n’ibihumbi baza ari Abanyafrika b’incabwenge.

Ubushakashatsi bwakozwe n’ikigo Pew Research Center, bwerekana ko mu mwaka w'i 2015 abantu imiriyoni zibiri n’igice kimwe baba muri Amerika bavukiye muri Afrika. Ico gitigiri cavuye ku banyafrika 880,000 bari bahari igihe hakogwa ubushakashatsi mu mwaka w'i 2000. Mu mwaka w'i 1970, hariho abanyafrika 80,000 gusa.

Nijeriya nico gihugu cambere gifise Abanyafurika benshi muri Amerika. Bangana n'ibihumbi 327. Ibindi bitigiri vy’Abanyafrika benshi bari muri Amerika n’Abanyethiopiya ibihumbi 222, Abanyamisiri ni 192,000.

Ibice vy’uturere twa Amerika dukunze kubamwo abantu baturuka muri Afrika ni reta ya Texas, New York, California na Maryland.

XS
SM
MD
LG