Uko wahagera

Perezida Trump Yikomye Cane Itangazamakuru


Prezida Donald Trump mu kiganiro n'abamenyeshamakuru

Prezida Donald Trump mu kiganiro n'abamenyeshamakuru

Prezida Donald Trump wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika yakoresheje ikiganiro ciwe ca mbere n’abamenyeshamakuru, kur’uyu wa kane. Mur’ico kiganiro camaze hafi isaha n’inusu, Prezida Trump yashikirije ibitari bike bimaze kurangurwa mu kiringo c’ukwezi kumwe amaze ashikiriye amabanga.

Muvyo yashikirije, Prezida Trump yagarutse ku bijanye no gukura akarenge mu masezerano y’ibihugu bihurira kw’ibahari pasifike, igenwa ry’abajejwe kumufasha mu mabanga yo kuyobora igihugu, hamwe no gukuraho amwe mu mategeko ya Reta.

Prezida Trump yatanganje kandi ko Reta arongoye yari gushobora kuba imaze gukora ibitari bike iyo hataba igikorwa co gutunganya ivyasizwe vyononywe n’uwo yasubiriye Prezida Barack Obama.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru, Prezida Trump yaneguye ibimenyeshamakuru m’ukuvuga ko bitavugisha ukuri. Yatangaje ko umuhanuzi mu bijanye n’umutekano mu gihugu, Michael Flynn, aheruka gutanga imihoho, ata kabi kiwe, yamara ko abamudodobereje aribo babi.

Prezida Trump yamiriye kure ibirego bimaze iminsi, bivuga ko umugwi war’ujejwe imyiyamamazo yiwe wagumye ukorana n’Uburusiya mu gihe c’amatora. Yatangaje ko ataco afise asangiye n’Uburusiya, co kimwe n’abo basanzwe bakorana.

Igitekerezo cyawe

Erekana ibyavuzweho

XS
SM
MD
LG