Uko wahagera

Amnesty International Irasaba Uburundi Kwisubirako


Ishirahamwe riharanira agateka ka muntu Amnesty International rimenyesha ko mu mezi ya vuba, Reta y’Uburundi yafashe ingingo zigeramira kurushiriza amashirahamwe adaharanira inyungu za politike.

Mw’itangazo ryanditse ryarungikiye inama rusangi y’ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U rijejwe agateka ka muntu, Amnesty International imeneyesha ko ivyo vyiyongeye ku ngingo zikomeye zafashwe kuva ibibazo vya politike bitanguye mu Burundi mu kwezi kwa kane mu mwaka w’i 2015.

Amnesty International ivuga ko abamenyeshamakuru n’abaharanira agateka ka amuntu batari bake bategerejwe guhunga igihugu kuva uruhagara mu vya politike rutanguye mu Burundi.

Iryo shirahamwe rimenyesha ko mu basigaye mu gihugu, ibikorwa vyabo bitoroshe na gato mu gihe gukwirakirana ibikorwa vyabo vyabagizeko ingaruka zikomeye cane.

Iryo shirahamwe ritangaza kw’ivyabona n’abasinzikajwe n’ivyaha bityoza agateka ka muntu bafise ubwoba bw’ukuvuga ivyabaye ku mugaragaro.

Ishirahamwe, Amnesty International, ritangaza kw’irengero rya Marie-Claudette Kwizera, aharanira agateka ka muntu yazimanganye kw’italiki 10 z’ukwezi kw’icumi na kabiri n’umumenyeshamakuru, Jean Bigirimana yazimanganye kw’italiki 22 z’ukwezi kw’indwi mu mwaka w’i 2016, gushika ubu ritaramenyekana.

Ishirahamwe, Amnesty International, rimenyesha kw’ivyo bifatanije n’ingingo z’ugukandamiza ziherutse gufatwa; harimwo ingingo z’ukwihora ku bashingwamanza baharanira agateka ka muntu, kwugara amashirahamwe ategamiye Reta n’ugushiraho uburyo bushasha bw’ugukwirikirana ibikorwa vy’amashirahamwe ategamiye Reta vyerekana ko Reta y’Uburundi iriko ituma abajejwe agateka ka muntu batoroherwa na gato mu bikorwa vyabo.

Ishirahamwe, Amnesty International, rivuga kubera Uburundi buri mu nama y’ishami ry’ishirahamwe O-N-U rijejwe agateka ka muntu butegerezwa kwubahiriza ibisabwa ku vyerekeye gukomeza n’ugukingira uburenganzira bw’ikiremwa muntu.

Reta y’Uburundi kandi ngo itegerezwa gukorana neza n’inama y’ishami ry’ishirahamwe O-N-U ijejwe agateka ka muntu.

Muri urwo rwandiko ishirahamwe, Amnesty International, rimenyesha kw’ibihugu bigize iyo nama bityoza bikomeye agateka ka muntu bishobora guhagarikwa n’ikoraniro rikuru ryayo.

Ishirahamwe, Amnesty International risaba inama y’ishami ry’ishirahamwe O-N-U, rijejwe agateka ka muntu, gusaba Reta y’Uburundi gusubira ku ngingo zigeramira amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike n’ugufata ingingo zirekurira ibiganiro nyakuri bidaakumira ku bibazo bikomeye mu gihugu,

Ikindi Amnesty International isaba nuko u Burundi burekurira abakozi b’amashirahamwe yo mu karere n’amashirahamwe mpuzamakungu ajejwe agateka ka muntu gushobora kugira amatohoza ata ntambamyi ku bijanye n’ityozwa ry’agateka ka muntu mu gihugu, hamwe n’ugusubira idatevye ku ngingo yayo y’ukuva muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha ICC.

.

XS
SM
MD
LG