Uko wahagera

Ibiganiro Hagati Ya Donald Trump Na Shinzo Abe


Uuushikiranganji wa mbere w'Ubuyapani Shinzo
Uuushikiranganji wa mbere w'Ubuyapani Shinzo

Umukuru w’igihugu ca reta zunze ubumwe za Amerika Donald Trump n’umushikiranganji wa mbere w’Ubuyapani Shinzo Abe, batanguye ibiganiro bizomara imisi ibiri, kuva kuri uno wa gatanu.

Iyo nama ifise umugambi wo gutsimbataza amasezerano y’umutekano yapfunditswe hagati y’ivyo bihugu bibiri hamwe n’ imigenderanire yavyo mu bijanye n’ubutunzi.

Trump na Abe batanguye iyo nama mu biro bizwi kw’izina “Oval Office ” vyo ku ngoro yiwemu “White House.”

Barateganya kandi guha ikiganiro abamenyesha makuru. Abo bategetsi babiri bazaguca bafata urugendo mu gisagara ca Palm Beach muri reta ya Floride, aho bagiye kumara imisi ibiri babandanya ibiganiro.

Iyo misi bagiye kumara bari kumwe, izoba ibaye ikiringo ca mbere kinini Trump amaranye n’umutegetsi w’ikindi gihugu, kuva agiye ku butegetsi kw’itariki ya 20 y’ukwezi kwa mbere.

Uwo mubonano w’abo bategetsi babiri ubaye inyuma y’aho igihugu c’Ubuyapani gitangarije amakenga atewe n’umugambi mishasha Trump yatangaje, avuga ko agiye gushira Amerika imbere ya vyose; ivyo bigatera amakenga ibihugu vyo muri Aziya.

Ni mu gihe kandi Trump yar’ aherutse kuvana reta zunze ubumwe za Amerika mu masezerano hagati yayo n’ibihugu vyo muri Aziya mu bijanye n’ubudandaji.

XS
SM
MD
LG