Uko wahagera

Abatabara Ntibirohewe muri Repubulika ya Centrafurika


Ibrahim Abaka, arongoye abateshejwe izabo, atunganya gutanga imfashanyo i Bambari, muri Republika Centrafurika.
Ibrahim Abaka, arongoye abateshejwe izabo, atunganya gutanga imfashanyo i Bambari, muri Republika Centrafurika.

Mu mwaka urangiye abakora ibikorwa vy’ugutabara muri Repubulika ya Centrafurika bahuye n’ibibazo vy’umutekano muke incuro zirenga 365 kurusha muri Siriya, Afghanistani, iraki no muri Somaliya.

Ibibazo vy’umutekano muri Repubulika ya Centrafurika, vyatumye abo bakozi batoroherwa mu kazi kabo, bumva badatekanye kandi ntibabashe gutanga imfashanyo zari zikenwe.

Abantu bagera ku miliyoni 2.2, n’ukuvuga hafi ica kabiri c’abanyagihugu, bakeneye ivyangombwa vy’ugutabara.

I Bambari, igisagara kiri ku birometero 279 uvuye Bangui k'umurwa mukuru imirwano yarimwo imihari ishamiranye ifise ibirwanisho, yakuye abantu bagera mu 10,000 mu vyabo muri uku kwezi kwa cumi na kabiri guheze kwonyene.

Uwo mutekano muke watumye abakozi bafasha badashobora gukora ibikorwa vy’ubuvuzi.

Mu kwezi kwa 12, ikigo c’abaganga batagira imbibe “Medecins Sans Frontiers", i Bambari, carasahuwe incuro zibiri.

Mathieu Bataben, umukuru w’ico gisagara, yavuze ko “abantu batamenyekanye” basahuye abanyagihugu, ko atari imirwi irwanya ubutegetsi ifise ibirwanisho yigaruriye ico gisagara.

XS
SM
MD
LG