Uko wahagera

Gambiya: Yahya Jammeh Agiye Kugirwako Amatohoza


Yahya Jammeh asezera abanywanyi biwe mugihe yar'avuye ku kibuga c'indege I Banjul
Yahya Jammeh asezera abanywanyi biwe mugihe yar'avuye ku kibuga c'indege I Banjul

Perezida mushasha wa Gambiya Adama Barrow yatangaje ko agiye gushinga umurwi wo kumenya ukuri no gusubiza hamwe wo gusuzuma ibivugwa ko perezida Yahya Jammeh yahoze arongoye igihugu yatwaye nabi.

Mu kiganiro yahaye Ijwi ry’Amerika k’umusi w’Imana, Barrow yagiz’ati "Imyaka miringo ibiri n’ibiri (22) k’ubutegetsi ni myinshi. Abanyagihugu bakeneye kumenya ukuri."

Muri reta nshasha yatangajwe kur’uyu wa mbere umukenyezi niwe azoba icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu. Fatou-mata Tamba-jang yahoze akora mugisata c’ishirahamwe mpuzamakungu ONU kijejwe iterambere, PNUD.

Umuhanuzi wa Perezida Barrow yabwiye abamenyeshamakuru kur’uyu wa mbere ko imbere yo kuva mugihugu k’umusi wa gatandatu, Jammeh yagiye asahuye imiliyoni 11 z’amadolari y’abanyamerika mukigega ca reta.

Abaharanira agateka ka muntu bahoze bamwagiriza ko yahohoteye agateka ka muntu ku ntwaro yiwe, hamwe no gupfunga abatavugarumwe nawe muvya politike hamwe n’abamenyeshamakuru.

Jammeh yavuye muri Gambiya k’umusi wa gatandatu asugerejwe n’abasirikare bo mu bihugu vyo muri Afrika y’uburengero CEDEAO. Yari yanse kwemera intsinzi ya Barrow yavuye mu matora yo kw’italiki ya mbere ukwezi kwa cumi na kabiri.

XS
SM
MD
LG