Uko wahagera

Perezida Donald Trump Yashikirije Imigambi Yiwe Mishasha


Donald Trump is sworn in as the 45th president of the United States by Chief Justice John Roberts as Melania Trump and his family looks on during the 58th Presidential Inauguration at the U.S. Capitol in Washington, Jan. 20, 2017.
Donald Trump is sworn in as the 45th president of the United States by Chief Justice John Roberts as Melania Trump and his family looks on during the 58th Presidential Inauguration at the U.S. Capitol in Washington, Jan. 20, 2017.

Umurwizatunga akomeye Donald Trump yarahiye uno musi ku wa gatanu mu mabanga ya perezida agira uwa 45 wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika igihe c’isaha zitandatu zo ku mutanga mu masaha ya ngaha i Washington DC.

Donald Trump muri iki gihe afise imyaka mirongo irindwi niwe mu perezida ashitse ku butegetsi akuze kurusha abaje imbere yiwe mu mateka ya Amerika.

Nkuko abandi baperezida babigenjeje mu gihe bariko barahira, yemeye gukingira ibwirizwa hsingiro rya Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Abantu ibihumbi amajana n’amajana, bari mu kibanza citwa, National Mall, kurorera ibirori vy’ukurahira vya Donald Trump imbere y’inyubakwa y’inama nshingamateka.

Ukurahira kwa Trump kwaranze ihererekanwa ry’ubutegetsi mu buryo buciye mu mahoro muri Amerika. Yarahijwe n’umucamanza mukuru wa sentare nkuru ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika, John Roberts.

Iminuta mikeyi inyuma yuko arahiye yashikirije ijambo.

M'ijambo ryiwe, yavuze kw'abakozi bibagiwe kubera amahinguriro bakoramwo yugaye, ubutunzi bwabo bwagabanuka bikomeye. Yamara ko batazosubira kwibagirwa.

Donald Trump avuga ko iki ari igihe cabo. Ivyo yabibwiye abantu ibihumbi amajana n’amajana bari bakoraniye mu kibanza cirwa, National Mall, i Washington DC, kurorera ukurahira kwiwe n’ijambo ry’inyuma yaho.

Yatangaje kw’abanyagihugu aribo bazosubira kuba abayobozi b’ukuri b’igihugu.

Mu gihe imvura nkeyi yariko irarwa, Donald Trump, muri iki gihe afise imyaka 70, yavuze kw’imigambi yiwe mishasha ariyo izoyobora igihugu, kuva ku musi wa mbere mu mabanga yiwe ya perezida.

Amenyesha ko Amerika ariyo izoza ubwa mbere. Avuga ko atazohemukira abamutoye, kandi ko Amerika izosubira gukomera uko yamye.

Mw’ijambo ryiwe, perezida Trump yavuze kw’abakozi muri Amerika bibagiwe mu gihugu gifise ubutunzi bukomeye cane kurusha ibindi bihugu vyo kw’isi.

Avuga kw'ihindagurika ry’ubutunzi kw’isi ryabagizeko ingaruka mbi zikomeye ku buryo batashoboye kuzirengera.

Abo bakozi nibo batumye atsinda mu ma Reta yari afise uruhara rukomeye mu bijanye n’amatora.

Donald Trump yavuze ko Amerika nk’igihugu cateye imbere, mu gihe abanyagihugu batakuye inyungu muri ubwo butunzi. Avuga kw’abanyepolitike bateye imbere mu gihe ubuzi bwavuye mu gihugu, amahinguriro arugara.

Prezida Trump yatangaje kw’ivyo bigiye kurangira.

Yemeye kw’azogarukana ubuzi bwatakaye mu gihe azokwongereza akazi muri Amerika biciye mu gusubira kwubaka amabarabara, ibiraro n’ibindi bikorwa vy’ukwubaka.

Yabwiye Abanyamerika bose ko batazosubira kwibagirwa.

XS
SM
MD
LG