Uko wahagera

Sudani y'Ubumanuko: Bamwe mu Bagwanyi Basubiye muri Reta


Riek Machar, yahoze ar'Icegera c'Umukuru w'Igihugu muri Sudani y'Ubumanuko.
Riek Machar, yahoze ar'Icegera c'Umukuru w'Igihugu muri Sudani y'Ubumanuko.

Muri Sudani y’Ubumanuko, bamwe mu basezerukira umugambwe SPLM, utavuga rumwe n’ubutegetsi, basanzwe bayoboka Riek Machar, yahoze ar’icegera c’Umukuru w’Igihugu, bariyonkoye kur’uwo mugambwe mu ntango z’iyi ndwi, basubira muri Reta.

Abo bayobozi batanganje ko baza kuva i Khartoum, kur’uyu wa kane, kugira baje mu biganiro vyahamagariwe na Prezida Salva Kiir, mu kwezi guheze, kwa cumi na kabiri. George Rweng Kot, umwe mu basirikare bakuru, amenyesha ko yizeye ko Prezida Kiir, n’icegera ciwe, bariko baragerageza kugarukana amahoro.

Ateny Wek Ateny, umuvugizi wa Prezida Kiir, yatanganje ko abo batahutse ar’abipfuza amahoro, akavuga kandi ko Prezida Kiir yemera ko ibiganiro arivy’amoko yose, ukw’ari mirongo itandatu n'ine, agize Sudani y’Ubumanuko. Ni mu gihe mu mwaka uheze w’Ibihumbi na cumi na bitadantu, Prezida Salva Kiir yari yatanze imbabazi kur’abo bose batavuga rumwe n’ubutegetsi, avuga ko bashatse guhirika ubutegetsi.

Kur’uyu wa kabiri, umwe mu bategetsi b’umugambwe uri k’ubutegetsi, Lokai Iko Loteyo, yari yatangaje ko avuye muri Reta, kandi ko agiye mu mugwi uyoboka Riek Machar, asanzwe agwanya Reta. Iko avuga ko intwaro ya Prezida Kiir yaranzwe no guhohotera abanyagihugu, kandi ko itacisunga ingendo biyemeje y’uburinganire, ubutungane n’iterambere kuri bose.

XS
SM
MD
LG