Uko wahagera

Inama Nshingamateka ya Buraya Yagenye Umurongozi


Antonio Tajani agiye kuramutswa Inama Nshingamateka y'Ibihugu vya Buraya
Antonio Tajani agiye kuramutswa Inama Nshingamateka y'Ibihugu vya Buraya

Inama Nshingamateka y’Ibihugu vya Buraya yaraye igenye uwuyirongora mushasha. Antonio Tajani, aturuka mu gihugu c’Ubutaliyano, akaba yatowe inyuma y’incuro zine.

Tajani yahoze ar’umuvugizi wa Silvio Berlusconi, yabaye Umushikiranganji wa mbere w’Ubutaliyano. Yarabaye kandi komiseri mw’Ishirahamwe ry’Ubumwe bw’Ibihugu vya Buraya mu myaka y’ibihumbi bibiri n'umunani n’ibihumbi bibiri na cumi kane.

Tajani yatangaje ko ibihugu vya Buraya bikeneye kwugurura imiryango yavyo kuri politike ya demokrasi, kandi ko bikwiye kugiranira imigenderanire n’abanyagihugu bavyo mu gukorana ibiganiro nabo.

Igenwa ry’Umurongozi mushasha w’Inama nshingamateka ya Buraya ribaye mu gihe ishirahamwe rya buraya rifise ibibazo bikomeye vyo kwiga, harimwo isohoka ry’Ubwongereza ritegekanijwe gushigwa mu ngiro uyu mwaka.

Fabian Willermain, umushakashatsi mu kigo Egmont c’Iburuseri, mu Bubirigi, amenyesha ko kubona imigwi ibiri ikomakomeye yar’igize inama nshingamateka ya Buraya yariciyemwo imice, bitazozana ihinduka rinini mu bihugu vya Buraya. Yamara ko ivyo ibiganiro vyaranzwe n’ingendo ya demokrasi, kandi ko bizofasha mu bijanye no gukorera mu muco.

XS
SM
MD
LG